Leta Zunzubumwe z'Amerika iriyamiriza igandagurwa rya koloneli bikomagu ryabaye ku munsi wa gatandatu.
Mw'itangazo ryasohowe n'ubuserukizi bw'Amerika mu Burundi, Amerika isaba ko ibiganiro vya politike bibandanya, imirwi yose ikihangana kandi ikaguma mw'ituze.
Amerika isaba ko hoba amatohoza ataho yegamiye, kandi yizigiwe na bose, ari kurubwo bwicanyi nyene ari no ku bundi bwabaye.
Yiyemeje gufasha gukwirikirana uwo wese yokwagirwa n'uguhungabanya canke gutuma agateka ka zina muntu gahungabana.
Amerika isaba imirwi yose ko yovavanura n'ukwishimikiza guhungabanya agateka ka muntu kugira bashikire ubutegetsi, bagasaba ko umwe wese yogira akigoro kugira ibiganiro bihuriyemwo bose, kandi bihagarariwe n'abigenga vyotunganywa mu ntumbero yo kuzana amahoro.
Leta zunze ubumwe z'Amerika yavuze iti ibiganiro birihuta kandi imirwi yose itegereza gukorana kugira ishike ku kintu cumvikanyweko cozanira amahoro abarundi.
Imirwi yose itegerezwa kwubahiriza agateka ka zina muntu, gushikiriza ivyiyumviro n'ubundi bwigenge ngenderwako bigatsimbatara. Iyo mirwi yose igomba kwisunga amasezerano ya Arusha canecane aho atomora ukusangira ubutegetsi, bwo shingiro ryo kwubaka amahoro.
Lza isaba inama nshingamateka na leta kwisunga ayo masezerano ya Arusha no kuvyo ategekanya mu gushinga intwaro itanyoganyoga mu Burundi.
Posted by: Nzinink <nzinink@yahoo.com>
Reply via web post | • | Reply to sender | • | Reply to group | • | Start a New Topic | • | Messages in this topic (1) |
-Ce dont jai le plus peur, cest des gens qui croient que, du jour au lendemain, on peut prendre une société, lui tordre le cou et en faire une autre.
-The hate of men will pass, and dictators die, and the power they took from the people will return to the people. And so long as men die, liberty will never perish.
-I have loved justice and hated iniquity: therefore I die in exile.
-The price good men pay for indifference to public affairs is to be ruled by evil men.
=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-=--=-=-=-=-=-=-=-=-=-=-
-To post a message: amakurunamateka@yahoogroups.com; .To join: amakurunamateka-subscribe@yahoogroups.com; -To unsubscribe from this group,send an email to:
amakurunamateka-unsubscribe@yahoogroups.com
_____________________________________________________
-More news: http://amakurunamateka.blogspot.com
https://www.facebook.com/amakurunamateka
https://www.facebook.com/musabeforum
http://www.musabe.com/
--------------------------------------------------------------------------------------
-SVP, considérer environnement avant toute impression de cet e-mail ou les pièces jointes.
======
-Please consider the environment before printing this email or any attachments.
--------------------------------------------------------------------------------------
No comments:
Post a Comment